Isirayeli: Imyiyerekano Isaba Itanga Imihoho rya Netanyahu

ISRAEL-HEALTH-VIRUS-POLITICS-DEMO

Ibihumbi vy’abanyesirayeli bakoze imyiyerekano kuri uyu w’Imana i Yerusalemu basaba itanga imihoho ry’umushikiranganji wa mbere Benjamin Netanyahu. Ni imyiyerekano ya mbere kuva hafashwe ayandi mategetko mashasha yo guhagarika imirimo kubera ikiza ca COVID-19.

Igihugu ca Isirayeli cararonse abanduye biyongereye kuruta ibindi bihugu mu ndwi zibiri ziheze, bituma gishinga amategeko mashasha yo guhagarika imirimo ku musi wa gatanu.

Iyi myiyerekano ihuriranye n’umusi wa mbere w’ibihe vy’akaruhuko ku bayahudi, yateye uburake mu bayahudi b’aba Orthodox.

Muri iki gihe kizomara hafi indwi zitatu, abanyesirayeli bazokwemererwa kugenda ahatarenga ikilometero mu bikorwa vyo kwinezereza, gusuma, kwivuza canke mu buzi bwa nkenerwa.

Reta ya Netanyahu yaragerageje gufata ingingo zitandukanye mu mezi aheze zari gutuma hadahagarikwa ibikorwa vyose ariko ntivyakunze kuko hari ababirwanije.

Kaminuza John Hopkins yo muri Amerika ivuga ko Isirayeli imaze kuronka abanduye barenga 187 900 hamwe n’abarenga 1 250 uwo mugera umaze guhitana.