Abajejwe umutekano muri Uganda bari mu ruhigi rw’abanyororo 200 batorotse bateye abacungera ibohero babasahura n’inkoho, aho abantu bane bahasize ubuzima.
Abo banyororo bivye inkoho mu bubiko bw’ibohero ku musi wa gatatu i Moroto, mu ntara yo mu burengero, ku birometero 460 uva ku murwa mukuru Kampala baca bahunga bagana mu misozi yo muri ako karere. Igiporisi, abasirikare na za kajugujugu biri mu ruhigi rwabo.
Umuvugizi w’iryo bihero, Frank Baine, yavuze ko umunyororo umwe hamwe n’umusirikare bishwe mu kurasana igihe abo banyororo bariko bahungira mu misozi. Yavuze ko abandi banyororo bishwe kuri uyu wa kane muri uko kubakurikirana.
Umukuru w’amabohero muri Uganda, Johnson Byabashaija, yavuze ko abo banyororo bari bazwi ko ari inkozi z’ikibi ruhasha kandi bapfunzwe bagirijwe kwiba amasho y’ibitungwa bitwaje inkoho i Karamoja, intara ihana urubibe na Sudani y’ubumanuko na Kenya.