Abantu 58 barishwe mu bitero vyabaye mu ntara ya Ituri mu buseruko bwa Repubulika ya demokarasi ya Kongo. Abategetsi babitangaje kuri uyu wa kane bavyegeka ku muhari ADF, ufise amamuko muri Uganda.
Umushikiranganji w’intwaro mu gihugu w’iyo ntara, Adjio Gidi, yavuze ko ibitigiri binini vy’abanyagihugu bahunze inyuma y’ivyo bitero vyabereye ahitwa Irumu.
Umuhari ADF wagirizwa kwica abanyagihugu amajana kuva igisirikare ca RDC gitanguye kubatera mu kwezi kwa cumi na kumwe.
Umushikiranganji Gidi yavuze ko abantu 23 bishwe kuwa kabiri, abandi 35 bicwa kuwa kane. Uwo mushikiranganji yongeyeko ko abarwanyi ba ADF bariko barahunga ibitero vy’abasirikare mu ntara ya Kivu y’uburaruko, muri Beni ari bo bakoze ubwo bwicanyi.
Uwo muhari umaze kwagirizwa kwica abasivile barenga igihumbi mu ntara ya Beni muri Kivu y’Uburaruko kuva mu 2014.