Ibitaro mu Budagi vyavuze kuri uyu wa mbere ko amagara y’uwutavuga rumwe n’ubutegetsi bw’Uburusiya, Alexei Navalny ariko aramera neza, kandi yavuye muri koma ndetse yatanguye kuvuga.
Navalny, yatwawe n’indege i Berlin mu Budagi kw’itariki ya 22 z’ukwezi kwa munani, inyuma y’imisi ibiri afashwe bukumbi ari mu ndege yaja mu Burusiya. Abahinga b’Abadagi mu bijanye n’ibirwanisho vy’ubumara bavuze ko ibipimo vyerekanye ko Navalny yahawe isumu y’Abarusiya ikorerwa mw’ikompanyi Novichok ariko Uburusiya bwarabihakanye.
Ibitaro vy’abagiraneza vy’i Berlin vyavuze ko amagara ya Navalny ariko aroroherwa ku buryo abadogiteri bamukuye mu vyuma vyamufasha guhema.
Ubudagi bwasavye Uburusiya kwisigura kw’irogwa rya Navalny, ariko bwavyamiriye kure.
Ibiro vya Shanseliye w’Ubudagi, Angela Merkel vyavuze kuri uyu wa mbere ko kubw’ico kibazo ashobora kwihweza nimba yohagarika umugambi wo gusumira Gaze mu Burusiya ivyo bihugu vyarimwo, gaze yociye mw’ibahari Baltique.