Guterres Asaba Iyugarwa ry'Ibigo Bifungirwamwo Abimukira muri Libiya

Umwimukira ariko arasenga mu kigo afungiwemwo i Tripoli, muri Libiya.

Umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe mpuzamakungu ONU, Antonio Guterres yasavye ko ibigo bifungirwamwo abimukira muri Libiya vyugarwa. Avuga ko bikorerwamwo ibikorwa bihungabanya agateka ka muntu.

Muri raporo yahawe kuri uyu wa kane akanama ka ONU kajejwe amahoro n’umutekano, Guterres yavuze ata gisigura ubuzima bubi impunzi n’abimukira babayemwo muri ivyo bigo.

Raporo y’umunyamabanga mukuru avuga ko gushika kw’italiki ya 31 y’ukwezi kw’indwi, abantu barenga 2 780 bari bapfunzwe mu bigo muri Libiya. Mirongo ibiri na babiri kw’ijana bari abana.

Guterres avuga ko ivyo bigo bikorerwamwo iborezwa igufa, kunyuruza abantu, gufata abagore ku nguvu hamwe n’ayandi mabi afatiye ku gitsina kandi bikorwa n’abarongoye ivyo bigo.

Mu kwezi kwa ndwi muri 2019 igitero c’indege cishe impunzi zirenga 50 n’abimukira gikomeretsa abatari bake mu kigo bari bapfungiwemwo hafi ya Tripoli. Guterres avuga ko ata n’umwe yagetsweko ubwo bwicanyi.