Perezida Uhuru Kenyatta wa Kenya kuri uyu wa mbere yategetse umushikiranganji w’amagara y’abantu gusohora urutonde rw’ibikoresho vyaguzwe vyose mu gihe c’umugera wa corona. Ni inyuma y’ivyagiriji vy’uko abategetsi ba reta bivye amamiliyoni y’amadolari mu kugura ibikoresho vyo kurwanya COVID-19.
Abakekwa kugira uruhara muri ubwo busuma ni ikigo ca reta gitanga amasoko y’ibikoresho vyo kwa muganga, KEMSA mu mpfunyapfunyo y’icongereza, cabaye intandaro y’imyiyerekano yabaye mu bitaro bikenye ibikoresho hamwe n’imyiyerekano yakurikiye mu mabarabara.
Abategetsi ba reta hamwe n’abagwizatunga bagirizwa kugira uruhara mw’iyibwa ry’imiliyoni 400 z’amadolari mu masoko yo kugura ibikoresho vya nkenerwa mu kurwanya ikiza ca corona.
Perezida Kenyatta mu ndwi iheze yategetse komisiyo irwanya ibiturire gutohoza ikigo KEMSA, giha amavuriro ibikoresho n’imiti ku bitaro vyarengewe n’abarwanyi ba corona.
Abakozi mu gisata c’amagara y’abantu bari mu bantu 577 bishwe na COVID-19 kuva umurwayi wa mbere akimenyekana mu kwezi kwa gatatu.
Abo bakozi barwana n’umugera wa corona bamye bidoga ko bahabwa ibikoresho bidatomoye. Abadogiteri mu bitaro vya reta barihereje amabarabara muri uku kwezi biyamiriza ubwo busuma.
Gushika kuri uyu wa mbere, Kenya imaze kuronka abanduye uwo mugera barenga gato 34 200.