USA: Umwe Yarishwe mu Myiyerekano i Portland muri Oregon

Igiporisi kivuga ko umuntu umwe yishwe arashwe ku musi wa gatandatu mu gisagara ca Portland, muri reta ya Oregon, mu buraruko bushira uburengero bwa Reta zunze ubumwe za Amerika. Ni mu gihe abaharanira agateka k’abirabure bari mu myiyerekano batana mu mitwe n’abanywanyi ba Perezida Donald Trump.

Igiporisi cavuze ko cumvise urwamo rw’amasasu bahashitse basanga uwo yarashwe mu gikiriza yamaze gupfa.

Bibaye mu gihe haheze amezi atatu haba imyiyerekano muri ico gisagara yiyamiriza ubwicanyi bufatiye ku moko hamwe n’ihohotera igiporisi gikorera inkehwa inyuma y’iyicwa kw’itariki 25 z’ukwezi kwa gatanu ry’umugabo w’umwirabure, George Floyd, mu gisagara ca Minneapolis, muri Minnesota.

Mu ndwi zibiri ziheze, mu gisagara ca Kenosha, muri reta ya Wisconsin, umuporisi yararashe umugabo w’umwirabure ariko aragerageza kumuhagarika mu matati mu muryango. Iraswa ryiwe ryakurikiwe n’imyiyerekano yamaze amajoro atari make, aho abantu babiri bishwe barashwe uwundi arakomereka.

Icegera c’umushikiranganji w’intwaro mu gihugu n’umutekano yasavye abategetsi gufata ingingo zihuta kugira imyiyerekano mu mbarabara ihagarare.