Ishirahamwe mpuzamakungu rihurikiyemwo ibihugu bivuga ururimi rw’igifaransa, OIF, mu mpfunyapfunyo y’igifaransa, kuri uyu wa kabiri ryakuye igihugu ca Mali muri uyo muryango kubera kudeta yakozwe n’akagwi k’abasirikare.
Iryo shirahamwe rivuga ko rizogirana imigenderanire na reta ifasha abasivile kandi igana kuri demokarasi.
Iyi ngingo ifashwe inyuma y’umusi umwe intumwa z’ishirahamwe ry’ubutunzi rihurikiyemwo ibihugu vyo mu burengero bwa Afrika, CEDEAO, hamwe n’akagwi kafashe ubutegetsi batangarije ko batumvikanye ku gusubiza Mali ku ntwaro ya demokarasi.
OIF yasavye kandi irekurwa rya Perezida Ibrahim Boubacar Keita, yahisemwo gutanga imihoho kugira ntihaseseke amaraso mu gihugu. Yasavye kandi ko hashingwa reta mfatakibanza irongowe n’abasivile.
Iryo shirahamwe ryavuze ko rizorungika intumwa zo ku rwego rwo hejuru muri Mali mu misi iri imbere.