Mali: Abasirikare Bipfuza Gutwara Reta Mfatakibanza Imyaka Itatu

Intumwa za CEDEAO hamwe n'akagwi k'abasirikare katembagaje ubutegetsi mri Mali mu biganiro.

Akagwi k’abasirikare bafashe ubutegetsi muri Mali kipfuza intwaro mfatakibanza y’imyaka itatu izorongorwa n’umusirikare, kongera kemera ko Perezida Ibrahim Boubacar Keita kakuye ku butegetsi azosubizwa mu rugo iwe. Aya makuru yatanzwe n’abatashatse ko amazina yabo amenyekana kuri uyu w’Imana, mu ntumwa za CEDEAO, ziri ku murwa mukuru Bamako.

Umutegetsi muri abo basirikare yavuze ko perezida hamwe n’abashikiranganji benshi bo muri iyo reta bazoba ari abasirikare.

Ayo makuru avuga kandi ko abasirikare bemeye kurekura Perezida Keita, asanzwe ari mu minwe yabo kuva ku musi wa kabiri, kandi bemera ko ashobora no kuzova mu gihugu mu gihe yoba akeneye kuja kwivuza hanze.

Umushikiranganji wa mbere, Boubou Cisse, afunganwe na Keita mw’ikambi ya gisirikare iri hanze y’umurwa mukuru, bemeye ko ashobora gushirwa mu kibanza gicungerewe ku murwa mukuru.

Gutembagaza ubutegetsi muri Mali kwakurikiye imyiyerekano yamaze amezi isaba Keita gutanga imihoho mu gihe abanyagihugu bashavujwe nuko yananiwe guhasha imirwi y’intagondwa ihungabanya umutekano w’igihugu hamwe n’ubutunzi bwasubiye inyuma.

Ariko ibihugu bibanyi vya Mali bihurikiye muri CEDEAO hamwe n'amakungu bisaba ko Keita asubizwa ku butegetsi.