Ubumwe bwa Afrika Bwahagaritse Mali mu Muryango

Inama y'Ubumwe bwa Afrika

Ishirahamwe ry’ubumwe bwa Afrika kuri uyu wa gatatu ryahagaritse Mali muri uwo muryango, inyuma y’aho abategetsi b’ico gihugu bafatiwe bagafungwa n’abasirikare, mu nyuma perezida Boubakar Keita agahitamwo gutanga imihoho.

Umugwi w’ibihugu 15 bigize akanama kajejwe amahoro n’umutekano muri uwo muryango bahagaritse Mali kugeza ibintu bisubiye mu rutonde kandi basavye ko Perezida Boubacar Keita, umushikiranganji wa mbere hamwe n’abandi bategetsi ba reta barekurwa.

Keita yavuze kuri uyu wa gatatu ko yakinjuye kugira akinge iseseka ry’amaraso.

Ibihugu 55 bigize uwo muryango vyaramaze gutera ivyatsi ihindurwa rya reta bavuga riteye kubiri n’ibwirizwa shingiro muri ico gihugu co muri Afrika y’uburengero.

Abandi babiteye ivyatsi ni amakungu, arimwo Reta zunze ubumwe za Amerika n’ishirahamwe ry’ubumwe bwa Bulaya, basavye irekurwa bidatevye ry’abategetsi bafashwe.

Mali igiye mu mugwi w'ibindi bihugu vya Afrika mu myaka iheze vyakuwe muri uyo muryango, ingingo ibibuza kwitaba amanama yose atunganwa na wo.

Igihugu kibanyi ca Burkina Faso cawuhagaritswemwo mu 2015, igihe igisirikare cakora kudeta. Sudani yahagaritswe mu mwaka uheze kubwo intureka zahabaye, mu gihe Misiri yahagaritswe mu 2013 igihe abasirikare batembagaza ubutegetsi bwa Perezida Mohamed Morsi yari yaratowe.