COVID-19 Yoba Yandukira mu Bifungurwa?

Ishirahamwe mpuzamakungu ryita ku magara y’abantu, OMS kuri uyu wa kane ryaremesheje abantu ko batotinya ngo bokwandura COVID-19 mu bifungurwa. Ni inyuma y’aho abashinwa basanze hari ibisigarira vy’umugera wa corona ku mfungurwa no kuvyo zitekerwamwo.

Uwo mugera watowe kumapake atekewemwo inkoko zari zavuye muri Brezil.

Abategetsi b’Ubushinwa bavuze ko baciye bihuta gupima abantu bose bakoze kuri izo pake zanduye, hamwe n’imiryango yabo, basanga bose ntawanduye.

Mu buseruko bw’intara ya Anhui, umukuru w’igisagara ca Wuhu na we yatangaje kuri uyu wa kane ko basanze umugera wa corona kw’ifi zavuye muri Equateur ariko atawanduye.

OMS yavuze ko abantu batogira ubwoba ko ata muntu n’umwe aragaragaza ibimenyetso vyyo guhema nabi biturutse ku bifungurwa aba yapfunguye.