Abakozi 16 bo ku kivuko c’i Beirut, ahaheruka guturika ibintu bimeze nka za bombe barapfunzwe bagirizwa kugira uruhara muri ivyo vyago. Umushikirizamanza wa sentare ya gisirikare yabishikirije kuri uyu wa kane.
Umushikiranganji wa Libani ajejwe imigenderanire yavuze ko hashinzwe umurwi wahawe iminsi ine uzobe washikirije abagirizwa kugira uruhara muri ivyo vyago vyahitanye ubuzima bw’abarenga 130 n’abashika 5000 bakomeretse.
Perezida w’Ubufaransa, Emmanuel Macron, yagendeye Libani kuri uyu wa kane, yasavye ko haba amatohoza mpuzamakungu, asaba kandi ko Libani ifashwa.
Umuryango w’ubumwe bwa Bulaya watangaje kuri uyu wa kane ko wasohoye imiliyoni 33 z’amafaranga y’abanyabulaya gufasha mu bikorwa vyihutirwa muri Libani, wongera urungika n’ibikoresho birimwo ubwato burimwo ibitaro gufasha kuvura.
Ubutaliyano nabwo buza bwarungitse abahinga mu bisata bitandukanye hamwe n’abafasha kurwanya imiriro.
Igisirikare ca Amerika kuri uyu wa kane catangaje ko catanze igice ca mbere c’ibifungurwa, amazi hamwe n’imiti.