Ubumwe bwa Afrika mu Guhuza mu Matati y'Uruzi Nil

Umuryango w’ubumwe bwa Afrika kuri uyu wa mbere watunganije ibiganiro vyahuje abashikiranganji ba Misiri, Etiyopiya na Sudani ku matati ivyo bihugu bifitaniye ku rugomero ku ruzi Nil.

Umushikiranganji wa Misiri yavuze ko ikindi gice c’ibiganiro kizoba ku munsi wa kane, inyuma y’iminsi ibiri baganira ku bibazo vy’ubuhinga n’ubutungane.

Reta zunze ubumwe za Amerika, umuryango w’ubumwe bwa Bulaya hamwe n’ibanki y’isi bavyitavye nk’indorerezi.

Umushikiranganji wa Sudani ajejwe ivy’amazi, Yasser Abed, yavuze ko ivyashikirijwe n’umuryango w’ubumwe bwa Afrika bishobora kuzofatirwako bikemezwa nk’amasezerano mu ndwi zibiri ziri imbere, ariko ntiyabitomoye.

Igihugu ca Misiri carerekanye impungenge ko urwo rugomero rw’amazi muri Etiyopiya rushobora kugeramira bikomeye cane amazi ico gihugu gikeneye cane. Misiri izera ku ruzi Nil ku bijanye n’amazi ikoresha.