Umushingwamanza aburanira Aloys Ntiwiragabo, umunyarwanda aba mu Bufaransa, yahoze arongoye ibiro vy’iperereza mu Rwanda, avuga ko uwo aburanira ahakana ivyo yagirizwa ko yagize uruhara muri jenoside yabaye mu Rwanda mu 1994.
Benjamin Chouai, amuburanira yavuze ko abategetsi b’Ubufaransa bazi neza ivy’umukiriya wiwe, kuva igihe yasaba uburenganzira bwo kuba muri ico gihugu.
Abategetsi bo mu butungane bw’Ubufaransa bavuze ku munsi wa gatandatu ko buguruye urubanza rw’ivyaha bihohotera kiremwa ka muntu kuri Ntiwiragabo.
Iyi ngingo y’ubucamanza ikurikiye reporo yasohowe n’ikinyamakuru cigenga co mu Bufaransa candika amakuru y’iperereza, Mediapart, cavuze ko uwo yahoze akorera iperereza ry’u Rwanda hamwe n’umupfasoni wiwe bari mu micungararo y’igisagara ca Orleans, ku bilometero 110 mu bumanuko bwa Paris.
Sentare ya ONU yashiriweho u Rwanda, TPIR, yavuze ko Ntiwiragabo ari umwe mubateguye Jenocide yahitanye abashika 800 000.
Ariko TPIR, ubu yasubiriwe n’urwego MICT, co kimwe n’Ubufaransa hamwe n’abategetsi b’u Rwanda bari barahagaritse umutahe wo guhagarika Ntiwiragabo.
Isango ryo kumuburanisha ntiriratangazwa.