Perezida wa Kenya, Uhuru Kenyatta kuri uyu wa mbere yahagaritse urudandazwa ry’inzoga mu mazu y’uburiro, yongera yongereza ikiringo co kudatembera mw’ijoro, mu ntumbero yo guhagarika igwirirana ry’abandura umugera wa corona.
Kenyatta yavuze ko abanyakenya ata kwiyubara bagize bituma abanduye bariyongeye incuro zitatu mu kwezi guheze.
Yategetse ko atawosubira kuva mu rugo kuva isaha zitatu z’ijoro gushika sa kumi z’agatondo mu kiringo c’iminsi 30. Amazu y’uburiro azoza arugara kuva isaha imwe z’ijoro.
Cokimwe n’ibindi bihugu vyo muri Afrika y’ubuseruko, Kenya yarafashe ingingo ruhasha zo kurwanya uwo mugera, harimwo kwugara imbibe mu kwezi kwa gatatu, no mu kwugara amashure yongera ibuza abanyagihugu gutembera mw’ijoro.