Sentare ntahinyuzwa y’Uburundi yaratesheje agaciro igifungo c’imyaka 32 cari carakatiwe Germain Rukuki, umwe mu baharanira agateka ka muntu, yongera itegeka ko urwo rubanza rusubira kuburanishwa.
Germain Rukuki yagirijwe kugira uruhara mu myiyerekano yiyamiriza ikiringo ca gatatu ca Perezida Pierre Nkurunziza mu 2015.
Sentare isubiramwo imanza ya Bujumbura yari yamuciriye ico gifungo mu 2019, ariko mu rwandiko rwanahawe n’abashingwamanza biwe, sentare ntahinyuzwa yategetse kw’italiki ya 30 z’ukwezi kwa gatandatu ko kubera Rukuki ataserutse mu rubanza, ingingo yafashwe ata gaciro ifise.
Nta sango rishasha ry’aho azosubirira kuburanishwa ryatanzwe ariko Rukuki azoguma mw’ibohero.
Anschaire Nikoyagize, arongoye ishirahamwe Ligue Iteka, riharanira agateka ka muntu, aho ari mu buhungiro, yavuze ko ico ari ikimenyetso ciza kuri iyi ntwaro nshasha ya Perezida Evariste Ndayishimiye.