Umukongomani aherutse gutahukana agashimwe kitiriwe Nobel, Denis Mukwege, yavuze kuri uyu w’Imana ko adashigikiye ubwicanyi bubera mu buseruko bwa Republika ya demokarasi ya Kongo. Yifatanije n’abandi mu gutera ivyatsi ubwicanyi bwegekwa ku barwanyi bo mu bwoko bw’abanyamulenge.
Abasivile bo mu karere ka Kipupu, mu misozi ya Fizi baragabweko igitero kw’italiki ya 16 z’ukwezi kw’indwi, hapfa abantu bari hagati ya 18 na 220.
Abashakashatsi bakurikirana ivy’umutekano mu ntara ya Kivu bavuze ko ubwo bwicanyi bwahitanye abantu 18, mu gihe abashingamateka batowe muri iyo ntara bemeza ko hishwe abanyagihugu 220.
Inteko za ONU zibungabunga amahoro n’umutekano muri Kongo, MONUSCO, zimenyesha ko zatanguje amatohoza kuri ubwo bwicanyi, bwagirizwa imihari itatu y’abarwanyi bo mu bwoko bw’abanyamulenge.
Mu mwaka uheze, ako karere karanzwemwo imirwano hagati y’ubwoko bw’abanyamulenge hamwe n’ubundi bwoko buba muri iyo ntara cane cane ababembe.