Umushikiranganji w’indero muri Reta zunze ubumwe za Amerika, Betsy DeVos yashimangiye kuri uyu w’Imana ko amashure abwirizwa kwugurura igihe abanyeshure bazoba bavuye mu kiruhuko co mu gihe c’ici. Ni mu gihe abantu bandura umugera wa COVID-19 muri Amerika barushiriza kwiyongera, cane cane mu bice vy’ubumanuko bw’igihugu.
Umushikiranganji DeVos, avuga ko adashigikiye impanuro zitangwa n’abahinga muvyo amagara y’abantu, hamwe n’abategetsi b’amareta bamwe bamwe basaba ko kwugurura amashure vyoba birabangiriwe kubera umugera wa corona.
Perezida Donald Trump, ashigikiye ko abanyeshure bokwigishwa iminsi itanu mu ndwi bari mu masomero aho gukurikiranira inyigisho mu mihana yabo. Yavuze mu ndwi iheze ko ivyiyumviro bishikirizwa n’ikigo kijejwe kugenzura no gukinga indwara, bigoye gukurikiza kandi bitwara uburyo bw’amafaranga menshi.
Ingingo nyinshi zerekeye amashure muri Amerika zifatwa n’ubutegetsi bw'amakomine ayo mashure yegukira, atari reta nkuru ya Washington. Abategetsi batari bake b’amashure baza bamaze kuvuga ko badashigikiye ko abanyeshure basubira mu masomero iminsi itanu mu ndwi muri iki gihe.