Indirimbo zo gucura intimba nk’iyi ya korare y’abakozi bo ku kirimba ca perezida ni zo ziriwe zisamirana ku kibuga citiriwe Ingoma ahabereye imihango nka yose yo gusezera Prezida Pierre Nkurunziza.
Evariste Ndayishimiye, umukuru w’igihugu yamusimbuye yahayagije ubutwari bwiwe amugereranya na Ntare Rushatsi, umwami wa mbere w’Uburundi hamwe n’izindi ntwari nka Louis Rwagasore yagwaniye ukwikukira na Melchior Ndadaye yazanye demokarasi. Kuri we ni agahombo kenshi.
Umupfakazi wa nyakwigendera na we yashimiye cane umuryango wa Prezida Ndayishimiye na Leta umunega wiwe yari arongoye ukuntu bababaye hafi. Mw’isengesho ryiwe, Denise Bucumi Nkurunziza yashimiye Imana kubona agize amahirwe yo gufuba uwiwe mu gihe atari bose bayabona.
Ibihugu vya Tanzaniya, Kenya, Congo Brazavillle, Guinnee Equatoriale na Zambia vyarungitse intumwa zirimwo umupfasoni wa Prezida wa Zambia asanzwe ari umugenzi cane na Denise Nkurunziza.
Umushikiranganji wa mbere wa Tanzaniya yavuze ku giti c’abashitsi. Kassim Majaliwa yasezeranije Abarundi ko Tanzaniya musi y’uburongozi bwa Pombe Magufuli izokora kugira Uburundi bube umunywanyi wa SADC kugira dukomeze iragi ry’ico gukorwa yatanguje yakwigendera Prezida Pierre Nkurunziza yari atamiye cane kubona Uburundi bwinjira muri SADC. Prezida Nkurunziza yasandavye kuwa 8 uku kwezi, akaba yokwije imyaka 56 mu kwezi kwa 12 uyu mwaka. Inkuru y’umumenyeshamakuru w’Ijwi ry’Amerika Eloge Willy Kaneza I Nairobi muri Kenya.
Your browser doesn’t support HTML5