Abategetsi bakomeye mu bajejwe umutekano muri Zimbabwe babeshuje ibihuha bivuga ko hari abashatse gutembagaza ubutegetsi. Ni inyuma y’imyaka ibiri Robert Mugabe akuwe ku butegetsi n’akagwi gashigikiwe n’abasirikare.
Akanama kadasanzwe k’umutekano kagizwe n’abakuru b’abasirikare n’abaporisi kagiriza abanyepolitike batavuga rumwe n’ubutegetsi, abahoze mu mugambwe Zanu-PF gukwirakwiza ayo makuru. Abandi badomwako urutoke ni itangazamakuru, abadipolomate b’abanyabulayi, hamwe n’indongozi z’amadini.
Ako kanama k’umutekano kavuga ko ivyo bihuha ari uburyo bwo gucafuza ishusho ya perezida, no kubiba ubwoba mu gihugu. Karagabisha ko reta igiye gukora ibishoboka vyose kugira abo yiswe abansi ba demokarasi bashirwe ahagaragara kandi bahagarikwe.