Prezida wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika, Donald Trump yatangaje ku musi wa kabiri ko inteko za Amerika zotegetezwa kwihereza amabarabara yo mu gisagara ca New York guhagarika uruhagarara. Ni mu gihe abategetsi mu bice bitandukanye vy’igihugu bari biteguriye irindi joro ry’imyiyerekano ku bijanye n’urupfu ry’umunyamerika w’umwirabure, George Floyd ku musi wa mbere w’indwi irangiye.
Muri ico gihe,musenyeri mukuru wa Ekleziya Katolika mu gisagara ca Washington DC, Wilton D. Gregory yaranebaguye yivuye inyuma kuba prezida wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika, Donald Trump, yagiye mu kibanza gihezagiye ca Mutagatifu Yohani Paulo wa kabiri, muri ico gisagara ku musi wa mbere ku muhingamo. Ivyo mu gihe imyiyerekano vyariko bibandanya mu gihugu cose.
Musenyeri mukuru, Wilton D. Gregory yatangaje Prezida Trump yakoresheje ico kibanza mu nyungu ziwe bwite za politike. Yatangaje ko ari ibintu bisiga ubwenge kandi bigayitse.
Mw’itangazo yasohoye imbere y’uko Prezida Trump agendera ikibanza gihezagiye, “Saint John Paul II National Shrine”, uyu musenyeri mukuru yatangaje ko ingingo yiwe y’ukuja muri ico kibanza iciye kubiri n’ivyo amadini agenderako. Yatangaje ko abakatolika botegerezwa guharanira uburenganzira bw’abantu bose.
Yariyamirije kandi inguvu z’umurengera zakoreshejwe n’igipolisi mu gushwiragiza abari mu myiyerekano hanze y’ibiro vya prezida, “Maison Blanche” ku musi wa mbere. Izo nguvu zakoreshejwe kugira birekurire Prezida Trump kugendera isengero rya, “Saint John Paul” mu gisagara ca Washington DC aho yerekanye bibiliya mu minwe yiwe imbere y’abamenyeshamakuru.