RDC: Ebola Yasubiye Kwiyadukiza Ubugira Kabiri mu Gihugu

Abantu bariko bapimwa Ebola muri Congo

Abategetsi bajejwe amagara y’abantu bemeje ko ikiza ca Ebola casubiye kwiyadukiza ubugira kabiri muri Republika ya demokrasi ya Congo. Iyo nkuru yatangajwe ku musi wa mbere n’ishirahamwe rijejwe amagara y’abantu kw’isi, OMS. N’ikindi kibazo gikomeye cerekeye amagara y’abantu ku gihugu gisanzwe gihanganye n’ikiza c’umugera wa Corona n’ikiza c’agasama.

Congo ntiratangaza icese ko ikiza ca Ebola carangiye burundu mu karere ko mu buseruko bw’igihugu.

Abantu bagera ku 2.243 barapfuye kuva ico kiza cadutse muri ako karere mu kwezi kw’umunani mu mwaka w’i 2018.

Muri iki gihe abategetsi bajejwe amagara y’abantu muri Congo batangaje ko abantu 6 basanganywe umugera wa Ebola mu buraruko bw’igihugu hafi y’igisagara ca Mbandaka muri ntara ya Equateur, harimwo abantu 4 bahitanywe n’uwo mugera.