Prezida wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika, Donald Trump yarashikirije ijambo abanyamerika ku muhingamo wo musi wa mbere ari imbere y’inyubakwa y’ibiro vyiwe, “Maison Blanche”.
Yatangaje ko atazorekurira abo yise inkozi z’ikibi ngo zihereze amabarabara mu bisagara muri Amerika. Yavuze ko azofatira ingingo zikomeye abo yise umburakimazi zirangwa n’ubugizi bwa nabi n’akajagari mu ntumbero y’ugukingira abanyamerika.
Yatangaje ko ari umutegetsi yubahiriza umutekano n’amategeko mu gihugu.
Yamanyesheje ko atazorekurira izo inkozi z’ikibi n’imburakimazi ngo berengere abariko bagira imyiyerekano mu mahoro.
Muri ico gihe imyiyerekano yarandandanije ku musi wa mbere, umusi ugira uw’indwi mu bice bitandukanye vya Reta Zunze Ubumwe za Amerika. Ni inyuma y’iyicwa ry’umunyamerika w’umwirabure, George Floyd. Yishwe n’igipolisi mu gisagara ca Minneapolis muri Reta ya Minnesota.
Ibisagara bigera kuri 40 vyarashizeho couvre-feu.