Igihugu ca Madagascar carungitse abasirikare hamwe n’abaganga mu gisagara ca Toamasina, kigira kabiri mu bunini mu twigoro two kurwanya ikwirakwira ry’umugera wa corona.
Madagascar imaze kuronka abantu bashasha 122 banduye kuva ku munsi wa kane.
Abo basirikare barenga 100 barungitswe muri ico gisagara bajejwe kubungabunga amahoro no kuraba ko abanyagihugu bubahiriza amabwirizwa yo kwambara udupfukamunwa no guhana intera hagati y’abantu n’abandi.
Umuvugizi w’ikigo gishinzwe kurwanya COVID 19 muri ico gihugu yavuze ko abo baganga bagiye gutohoza nimba abantu baheruka gupfa muri iryo zinga ryo mw’ibahari Indiyana boba bishwe n’umugera wa corona canke iyindi ngwara.
Amakuru ashikirizwa n’ibinyamakuru bitandukanye avuga ko hagaragaye ibiziga mu mabarabara y’i Toamasina, ariko icabishe ntikiramenyekana.
Umushikiranganji wa Madagascar ajejwe kumenyesha amakuru, Lalatiana Rakotondrazafy, arahakana ayo makuru Asigura ko abo basirikare n’abaganga barungitswe gutohoza muri ico gisagara kubera abanduye COVID-19 biyongereye.
Madagascar imaze kuronka abantu 527 bamaze kumenyekana ko banduye na babiri bamaze gupfa.