Abantu bamaze kwandura umugera wa corona kw’isi nzima barenze imiliyoni zitanu kuri uyu wa kane. Mu gice c’isi co muri Amerika y’ubumanuko abandura barushiriza kwiyongera mu gihe mu bice bitari bike ku mugabane wa Bulaya ubuzima bwasubiye gutangura.
Amerika n’Ubushinwa bo babandanya kwagirizanya ku mamuko y'uyo mugera.
Brezil yashitse ku mwanya wa gatatu mu bihugu bifise ibitigiri binini vyabanduye kw’isi ku bantu barenga 20 000 inyuma ya Reta zunze ubumwe za Amerika n’Uburusiya.
Perezida wa Brezil Jair Bolsonaro abandanya kwica amatwi ku mpanuro ahabwa n’abahinga zigamije guhagarika ikwirakwira ry’uwo mugera, mu guhimiriza baburamatari biwe kurangiza ingingo za Guma mu Rugo reta yari yafashe.