Perezida wa Reta zunze ubumwe za Amerika, Donald Trump yashikirije kuri uyu wa gatatu ko ashobora gusubira ku nteguro yiwe ya kera yo kwakira inama y’ibihugu vya G7 abakuru b’ibihugu bakazoyitabira babobana amaso mu yandi.
Trump yari yavuze ko iyo nama izoba hakoreshejwe ubuhinga bwa videwo conference kubera ikiza ca COVID-19. Mu butumwa ku rubuga rwiwe rwa Twitter yashikirije ko igihugu kiriko kija mu bihe vyiza, ko iyo nama ya G7 ishobora kuzobera mu kibanza ca Camp David kiri mu micungararo ya Washington DC.
Reta zunze ubumwe za Amerika ni yo iramukiwe kwakira iyo nama uyu mwaka. Umuryango wa G7 ugizwe n’ibihugu vy’Ubwongereza, Canada, Ubufaransa, Ubudagi, Ubutaliyano, Ubuyapani na Amerika.