Benin: Amatora mu Bwoba bwa COVID-19

Igihugu ca Benin catunganije kuri uyu w’Imana amatora y’indongozi zo ku mitumba naho imigambwe itavuga rumwe n’ubutegetsi itayitabiriye. Ni amatora abaye mu gihe hari ubwoba bwa COVID-19 kandi vyari vyasabwe ko yunguruzwa kubw’ico kiza.

Benin muri iyi ndwi niho yakuyeho amwe mu mategeko agamije kubuza ikwirakwira ry’uwo mugera. COVID-19 imaze kwandukira abantu 339 na babiri bamaze gupfa muri ico gihugu.

Indorerezi zatangaje inyuma yo gutora ko mu bice bigwiriyemwo abatavuga rumwe n’ubutegetsi, abayitabiriye batarenga 10 kw’ijana.

Benin ibonwa nka kimwe mu bihugu bigendera kuri demokarasi ku mugabane w’Afurika, ariko iri mu ndyane za politike kuva hatangajwe ivyavuye mu matora y’abashingamateka yo mu kwezi kwa kane.

Ibiharuro vya nyuma vy’aya matora yo kuri uyu w’Imana vyitezwe gutangazwa muri iyi ndwi.