USA Irahiga Guhana Ubushinwa Kubera COVID-19

Perezida wa Reta zunze ubumwe za Amerika, Donald Trump yishura ibibazo vy'abanyamakuru kuri White House. Kw'itariki 14/05/2020.

Perezida wa Reta zunze ubumwe za Amerika Donald Trump yashikirije kuri uyu wa kane ko ariko ararondera inzira yo guhasha Ubushinwa bivanye n’uko bwavyifashemwo ku kiza c’umugera wa Corona.

Trump avuga ko muvyokorwa harimwo uguhagarika imigenderanire yose n’Ubushinwa.

Amerika yemeza ko Ubushinwa bwigunganye amakuru ya COVID-19 kuva mu mpera z’umwaka uheze gushika mu ntango za 2020, igihe uwo mugera wariko urakwirakwira kw’isi uzananye mu ntara ya Wuhan.

Amerika ivuga ko ishobora kandi guha uburenganzira abanyagihugu bayo kwitwarira Ubushinwa kuvyononywe na COVID-19 ku butunzi n’amagara yabo. Gushika kuri uyu wa kane Amerika yari imaze kuronka abarenga 84 000 bahitanwe n’uwo mugera.