Abo bantu batowe bapfuye mu vyumba bari bapfungiwemwo mw’ijoro ryashiriye uno musi ku wa kane.
Umushikirizamanza wo mu karere ko mu buseruko bwa Burkina Faso, amenyesha ko abantu 25 bahagaritswe ku musi wa mbere bikekwa ko ari intagondwa mu mihana y’ahitwa, Tawalbougou mu karere ka Fada N’Gourma.
Uwo mutegetsi yasiguye ko 10 muri bo bapfuye mw’ijoro rimwe mu vyumba bari bapfungiwemwo, kandi ko itohoza ku rupfu rwabo ryatanguye.
Abo bantu bapfuye mu kiringo kiri musi y’ukwezi inyuma y’uko ishirahamwe riharanira agateka ka muntu kw’isi, “Human Rights Watch” rivuze ko inteko zijejwe umutekano za Burkina Faso zagandaguye abantu 31 amasaha makeyi inyuma yuko bahagaritswe mu gikorwa c’ukurwanya iterabwoba cabereye mu gisagara ca Djibo.
Ivyo bibaye mu gihe umutekano utera uyanzara mu karere ko mu buraruko bwa Sahel aho intagondwa z’abayislamu zikorana n’umurwi al-Qaida ziriko zongereza ibitero vyazo.