Irani Iriteguye Guhanahana Imbohe na Amerika Kubera COVID-19

Abanyororo ba Irani bari bapfungiwe muri Amerika bariko bararamukanya n'incuti n'abagenzi. Kw'italiki ya 17/01/2016

Abategetsi ba Irani bavuga ko biteguye guhanahana imbohe na Reta zunze ubumwe za Amerika ariko ko bakirindiriye kwumva ibishikirizwa n’abategetsi ba Amerika. Vyashikirijwe na Ali Rabiel, umuvugizi wa reta ya Irani kuri uyu w’Imana.

Ivyo bihugu bibiri vyasabanye guhanahana imbohe kubera amakenga bifise y’ikiza ca COVID-19.

Irani ni kimwe mu bihugu vyakozweko cane n’uwo mugera, mu gihe Amerika iza kw’isonga ry’abafise ibitigiri binini vy’abanduye uwo mugera kw’isi.

Igitigiri nyaco c’abanyororo bapfunzwe n’uruhande uru canke urundi ntikizwi.