OMS Ihanura Abatanguye Gukuraho "Guma mu Rugo" Kwitonda

Umuyobozi mukuru wa OMS Tedros Adhanom Ghebreyesus.

Umuyobozi w’ishirahamwe mpuzamakungu ryita ku magara y’abantu OMS, Tedros Adhanom Ghebreyesus, kuri uyu wa gatatu yagabishije ko ibihugu vyakuyeho Guma mu Rugo bishobora kuzoyisubiramwo mu gihe batobikorana ubwitonzi.

Tedros ahanura ibihugu kubanza gufata intambuko zikwiye imbere yo gusubira kureka uruja n’uruza rw’ingenzi, izo ntambuko zirimwo gutegekanya ubuhinga bukomeye bwo kugenzura abantu.

Ni mu gihe Ubuhindi bwabonye ibitigiri vy’abandura umugera wa corona vyiyongera bikomeye inyuma y’ingingo yafashwe muri iyi ndwi yo kurekura abanyagihugu bagasubira mu buzima busanzwe.

Uwo mugera umaze kwandukira abantu barenga imiliyoni 3.7 kw’isi na hafi 260 000 umaze guhitana, nkuko bishikirizwa na kaminuza Johns Hopkins yo muri Amerika.