Abainjeniyeri hamwe n’abadogiteri mu buganga bo muri Afrika y’Epfo bariko barakora imashini zizimbutse mu ntumbero yo gukemura ikibazo c’ubukene bw’imashini zifasha abarwayi ba COVID-19 guhema.
Afrika y’Epfo ikeneye izo mashini ziharurwa mu bihumbi mu gihe abanduye uwo mugera baza barenga 7 200 hamwe n’138 umaze guhitana.
Afrika y’Epfo ni co gihugu ca mbere giteye imbere ku mugabane wa Afrika, kandi ni co casinzikajwe n’umugera wa Corona. Ni mu gihe abahinga mu vy’ubuganga muri Afrika y’Epfo bavuga ko ico gihugu gishobora kuzoronka abazokwandura benshi mu kwezi kwa ndwi canke ukw’icenda.