USA: Reta Iratewe Amakenga n'Abatubahiriza Amategeko ya COVID-19

Deborah Birx wo mu murwi washinzwe na White House ku kibazo ca COVID-19

Muri Reta zunze ubumwe z’Amerika, umurwi washizweho n’ibiro vya perezida gukurikirana ibijanye n’ikiza ca Corona washikirije ko utewe impungene n’uko abanyamerika benshi batariko barubahiriza ukutegerana kugira harwanywe ikwirakwira rya COVID-19.

Deborah Birx awuhagarariye yashikirije kuri uyu w’Imana ko yatewe amakenga no kubona ibihumbi vy’abanyamerika baja ku nkengera z’amazi muri Californiya kwigina akazuba batubahiriza ayo mategeko.

Gushika ubu hafi ica kabiri c’amareta 50 ya Amerika aramaze kwugurura ibibanza bihururamwo benshi, nk’amapariki, inkengera z’amabahari, ibibuga vy’urukino rwa Golf. Abikorera utwabo mu tuzi dutoduto baramaze kwugurura imirimo.

Gushika kuri uyu w’Imana, abanyamerika barenga 68 000 baramaze kwicwa n’uwo mugera kubarenga 1 180 000 bamaze kwandura.