Abahinga b’abasirikare karuhariwe mu gufasha abafise ingwara z’agahinda n’umwitwarariko bagiye gufasha no kuba hafi y’abaganga bariko baritanga mu kurwanya ikiza ca Corona mu gisagara ca New York. Vyashikirijwe n’umukuru w’ico gisagara Bill de Blasio kuri uyu wa gatatu, inyuma y’aho abakozi babiri mu gisata c’amagara y’abantu biyahuriye mu ndwi iheze i New York.
Yashikirije ko abo bakozi bitanga kugeza ku rugero rwa nyuma kandi badakwiye guca bagira ingaruka mbi kubwo uko kwitanga.
Igisirikare c’Amerika gisanzwe gifasha abasirikare bafise ibibazo vy’umwitwarariko urenze hamwe n’agahinda batewe n’intambara. Uwo mutegetsi wa New York avuga ko bazofasha n’abo bakozi baza imbere y’abandi mu gufasha mur’iki kiza.
Igisagara ca New York carasinzikajwe cane n’uwo mugera ugereranije n’ibindi bice vy’isi. Gushika kuri uyu wa gatatu, ico gisagara c’imiliyoni 8.6 z’abantu kimaze kuronka abarenga 160 000 banduye hamwe n’abarenga 12 000 bamaze gupfa.