USA: Abanduye COVID-19 Bashitse ku Muliyoni

Abaforoma bapima umugera wa Corona i Bolinas, muri California.

Ibitigiri vy’abanduye umugera wa Corona muri Reta zunze ubumwe z’Amerika vyashitse ku muliyoni urenga gato kuri uyu wa kabiri naho amareta atari make yatanguye intambuko zo gusubira kwugurura imirimo.

Nkuko bishikirizwa na kaminuza Johns Hopkins University yo muri Amerika, umuliyoni w’abantu banduye nico gitigiri ca mbere kinini ku gihugu, aho kw’isi hose abanduye abamaze kurenga imiliyoni zitatu. Abanyamerika barenga 57 000 baramaze guhitanwa na COVID-19.

Bamwe mu bategetsi mu gisata c’amagara y’abantu muri Amerika bavuga ko abanduye bashobora kuba banarenga abatangazwa kuko hagikenye ibipimo bikwiye. Abo bategetsi kandi bahanura baburamatari b'amareta kutihutisha kwugurura imirimo kuko bishobora kwongereza ibitigiri vy’abandura bashasha.