Igiporisi co mu gisagara ca Kisumu muri Kenya carateye ivyuka bikoroza amosozi mu masinzi y’abanyagihugu bari mw’isoko kuri uyu wa gatatu, mu ntumbero yo gukomeza amategeko ya reta yo kurinda ko umugera wa Corona/CIVID-19 ukwirakwira.
Abaguzi hamwe n’abadandaza barashavyue bavuga ko bazi ingaruka z’uwo mugera, ariko ko Abanyakenya benshi bakenye kandi bakeneye gukora kugira baronke ivyo bafungura.
Bavuga ko nimba reta ishaka ko baguma mu ngo zabo, ikwiye kubaha ivyo bafungura.
Reta ya Kenya yasohoye itegeko mu mpera z’indwi irangiye ko amasoko yose n’ibituro vy’amabus vyugarwa aho abanyagihugu bakoranira ari benshi.
Kenya gushika kuri uyu wa gatatu yari igeze ku bantu 25 banduye uwo mugera.