Mu kiringo c’amasaha atatu kuva isaha zitatu kugeza isaha zitandatu, abavugizi b’inzego za Leta bishuye ku bibazo vy’abameyeshamakuru bakorera ku butaka bw’Uburundi hamwe n’ivy’abanyagihugu.
Ikibazo cerekeye ikiza c’umugera wa corona kimaze imisi gisasika inganda kugeza aho ibihugu bimwe bimwe vyiyugarirako nticatanzwe kugarukwako. Abamenyeshamakuru bashatse kumenya niba muri kino gihe isi yose itewe ubwoba n’umugera wa corona mbere ukaba umaze kwibonekeza mu bihugu vy’akarere Uburundi burimwo nko mu Rwanda, Tanzaniya, Republika ya Demokarasi ya Kongo na Kenya bidashobora gutuma amatora yimirije asubikwa.
Prosper Ntahogwamiye, umuvugizi wa Leta yanamaze imyaka itari mike avugira umugwi CENI utunganya amatora yabishuye ko ntaco bizohindura kw’ikoreshwa ry’amatora. Ku ruhande rwiwe, umuvugizi w’ubushikiranganji bw’amagara y’abantu, Jean Bosco Girukwishaka, nawe yashimangiye ko hataragera ko igihugu cugara imbibe kubera ico kiza.
Muri ico kiganiro kandi hanavuzwe ibijanye n’abantu bitwaje ibigwanisho babonetse mu kwezi guheze mu ntara ya Bujumbura. Pierre Nkurikiye avugira igipolisi cagirizwa kuba carishe bamwe muri bo bamaze kugirwa imbohe ni we yabisiguye. Iki kiganiro cabereye mu ntara ya Cibitoke.