Inama yAbakuru ba EAC Yasibijwe Kubera Ikiza ca COVID-19

U Rwanda rwatangaje kuri uyu wa kane ko inama y’abakuru b’ibihugu vy’akarere ka Afrika y’ubuseruko, EAC, yobaye mu mpera z’uku kwezi kwa 3 yasibijwe kubera ikiza c’umugera wa Corona (COVID-19) gihangayikishije isi yose.

U Rwanda ni rwo rurongoye inama y’abakuru b’ivyo bihugu muri iki kiringo. Umushikiranganji w’u Rwanda w’imigenderanire n’amakungu yandikiye ikete umunyamabanga mukuru wa EAC ko n’izindi nama zihuza abantu benshi zohagarikwa mu ntumbero yo kwirinda ico kiza.

Inkuru iramvuye twayiteguriwe n’umumenyeshamakuru w’Ijwi ry’Amerika i Kigali mu Rwanda Pierre Claver Niyonkuru.

Your browser doesn’t support HTML5

Ingaruka za Corona ku Bikorwa vya EAC