Imirwano yabaye mu ntara ya Ituri, mu buraruko bushira ubuseruko bwa Repubulika ya demokarasi ya Kongo yahitanye ubuzima bw’abantu bashika 20. Aya makuru yashikirijwe kuri uyu wa mbere n’abategetsi ba gisirikare muri ako karere.
Abasirikare ba Kongo batanye mu mitwe n’abarwanyi bo mu muhari Cooperative pour le Development du Congo (CODECO) mu mfunyafunyo y’igifaransa, ku musi wa gatandatu mu mihana ya Kparangaza, nkuko vyashikirijwe n’umuvugizi w’igisirikare, liyetena Jules Ngongo.
CODECO ni umuhari wa politike ushingiye kw’idini witwaje ibirwanisho, washinzwe n’ubwoko bw’abalendu. Imishamirano hagati y’ubwoko bw’Abalendu hamwe n’Abahema imaze guhitana ibihumbi vy’abanyagihugu muri ako karere.