USA: Perezida Donald Trump Ashobora Kezwa na Sena

Perezida Donald Trump wa Reta zunze ubumwe z'Amerika.

Muri Reta zunze ubumwe z’Amerika, uyu musi wa gatanu, urahambaye cane mu mburano ziriko zibera muri sena ku vyaha abademokrate bagiriza Perezida Donald Trump.

Izo mburano ziriko zibera muri sena yiganjemwo abarepublikani, zishobora kurangira kuri uyu wa gatanu Trump yejejwe ku vyaha yagirizwa vyo gukoresha umwanya wiwe w’umukuru w’igihugu ku nyungu ziwe bwite hamwe no kubangamira ibikorwa vy’abashingamateka.

Abademokrate 47 muri sena bamye bahanze amaso abarepublikani bane bibaza ko bashobora kwiyunga nabo kugira bakwize amajwi 51 kw’ijana yo kwemeza ko haba itora ryemeza canke rihakana ko hotumwako inzandiko hamwe n’ivyabona.

Senateri Susan Collins w’umurepublikane amaze gutangaza ko atora yemeza ko ivyabona bitumwako.

Senateri Lamar Alexander nawe nyene w’umurepublikani yashikirije ko atazotora yemeza gutumako ivyabona.

John Bolton yahoze ari umujenama muvy’umutekano muri perezidanse yariyemereye ko mu gihe yotumwako ata nkeka yoza gushikiriza ivyo azi ku vyagirizwa Trump.

Abarepublikani ntibagomba ko hatumwako icabona na kimwe kuko babona ko boca batsindwa urubanza, Perezida Trump nawe akazoba asezerewe mu mabanga.

Gushika ubu nta kimenyetso kigaragara ko Sena yemeza ko Trump yegetsweko ivyaha akurwa ku butegetsi.