Abategetsi mu bushikiranganji bw’amagara y’abantu muri Reta zunze ubumwe z’Amerika bavuga ko gushika ubu abantu batanu bamaze kumenyekana ko banduye umugera wa corona ufise amamuko mu Bushinwa. Bashikiriza ko ico gitigiri gishobora kwiyongera.
Umuyobozi w’Ikigo c’Amerika gishinzwe kugenzura no gukinga indwara, CDC mu mfunyapfunyo y’icongereza, Nancy Messonnier, yashikirije kuri uyu w’Imana ko abo batanu bose bawanduriye mu gisagara ca Wuhan mu Bushinwa, aho uwo mugera watanguriye. Ikigo CDC kivuga ko kiriko kiratohoza ku bantu 100 bakekwa kuba baranduye muri reta 26 z’Amerika.
Abategetsi b’Ubushinwa bavuga ko abantu 56 bapfuye, abandi bashika 2000 mu Bushinwa banduye uwo mugera