Perezida wa Reta zunze ubumwe z'Amerika, Donald Trump yatangaje ko ariwe yetegetse kugaba igitero ku kibuga c'indege mpuzamakungu c'i Baghadad muri Iraki cahitanye umujenerali wo mu gisirikare ca Irani, Qassim Soleimani kuri uyu wa gatanu.
Ico gitero cahitanye kandi Abu Mahdi al-Muhandis, icegera c’umukuru w’umuhari w’abarwanyi ufashwe mu mugongo na Irani, witwa "Forces de Mobilisation Populaire" mu gifaransa, nkuko bishikirizwa n’abategetsi.
Urupfu rwabo rushobora gutuma biyangara mu karere ko mu buseruko bwo hagati kandi bishobora gutuma Irani n’imihari ifashe mu mugongo yihorera kuri Isirayeli n’inyungu za Reta zunze ubumwe z’Amerika mu karere.
Iki gitero kibaye mu gihe ejo kuwa kane Reta zunze ubumwe z’Amerika yashikirije ko iza yiteguye gufata ingingo zo kuzibira ibindi bitero ku basirikare bayo mu karere ko mu buseruko bwo hagati.
Vyashikirijwe n’umushikiranganji w’Amerika ajejwe kwivuna abansi Mark Esper.
Esper yashikirije ko ubushikiranganji arongoye bubandanya kubona ibimenyetso ko Irani hamwe n’imihari ifashe mu mugongo bashobora kugaba ibindi bitero ku basirikare b’Amerika mu karere ko mu buseruko bwo hagati.
Ibitero biherutse vy’indege z’Amerika ku muhari Kataeb Hezbollah kuw’Imana vyatumye imyiyerekano yamaze imisi ibiri kuri ambasade y’Amerika Baghdad ku murwa mukuru wa Iraki. Abitwaje ibirwanisho hamwe n’ababashigikiye barateye ikigo ca Ambasade ku musi wa kabiri.