Komisiyo ijejwe ibibazo vy’ubutungane mu nama nshingamateka ya Reta zunze ubumwe z'Amerika yungururije ibikorwa vyayo kuri uyu wa gatanu. Ni inyuma y’amasaha 14 impande zibiri zamaze ziharira ku ngingo zibiri abademokrate barega Perezida Trump ko yahonyanze.
Bitegekanijwe ko batora kandi bakemeza izo ngingo, bisigura ko Perezida Trump yagiriwe n'ivyaha kandi akwiye gukurwa ku butegetsi. Abademokrate biganje muri iyo komisiyo barushirije kuburizamwo abarepublikani bariko baratesha agaciro ivyo vyaha.
Kuri uyu wa gatanu iyo komisiyo itegekanya gutora no kwemeza ivyo vyaha, iyo dosiye ica irungikirwa inama nshingamateka yose kugira nayo izotore, bitegekanijwe mu ndwi iza.
Abademokrate bagiriza Trump gukoresha icicaro arimwo c’umukuru w’igihugu ku nyungu ziwe bwite no kubangamira no kutorohereza ibikorwa vy’abashingamateka.
Ku caha ca mbere abademokrate bavuga ko ikimenyetso gikomeye ari ikiganiro Perezida Trump yagiranye kuri telephone na mugenzi we wa Ukraine volodymyr Zelensky mu kwezi kw’indwi amusaba gutanguza amatohoza kuri Joe Biden. Bemeza ko kugira aya mapererza abe, Trump yaremereye Zelenskiy mu guhagarika amafaranga yababa imiliyoni 400 z'amadolari agenewe igisirikare ca Ukraine.
Ku caha ca kabiri co kubangamira ibikorwa vy’inama nshingamateka, abademokrate bavuga ko Perezida Trump yanse gutanga inyandiko nyinshi yasabwe muri ayo maperereza, kandi ko perezida Trump yabujije ivyabona bikomeye kwitaba inama abandi abatera ubwoba.
Inama nshingamateka ihejeje gutora ikemeza ko Trump akwiye gukurwa ku butegetsi, iyo dosiye izoca irungikirwa sena yiganjemwo abarepublikani mu mburano.
Abakurikiranira hafi ivya politike muri Amerika bavuga ko Trump azoshigikirwa n'abo mu mugambwe wiwe w'abarepublikani biganje muri sena.