Igiporisi Cahagaritse Abarenga 250 mu Myiyerekano mu Bufaransa

Aba Gillets Jaune mu myiyerekano bibuka umwaka batanguye imyiyerekano. Isanamu yafashwe itariki 16/11/2019 i Paris, mu Bufaransa

Igiporisi c’Ubufaransa cahagaritse abari mu myiyerekano bitwa Gillets Jaunes barenga 250 mu gihugu cose. Ni mu gihe bariko bibuka umwaka wa mbere urangiye batanguje iyo myiyerekano.

Abategetsi bavuga ko abantu 173 bahagaritswe ku murwa mukuru Paris honyene.

Umushikiranganji w’Ubufaransa w’intwaro mu gihugu hagati Christophe Castaner, yabise inyererezi zaje kurwana n’abajejwe umutekano kandi babuza abanyagihugu kwikorera imirimo yabo.

Abakoze imyiyerekano baturiye imodokari zitari nke bongera batera amabuye abajejwe umutekano, nabo babasubiza mu gutera ivyuka bikoroza amosozi.