Umuyobozi wa HRW Yirukanwe muri Isirayeli

Omar Shakir, umuyobozi wa Human Right Watch muri Isirayeli na Palestina.

Sentare nkuru ya Isirayeli yemeje ingingo ya reta yo kwirukana mu gihugu umuyobozi w’ishirahamwe mpuzamakungu ryita ku burenganzira bwa kiremwa muntu Human Right Watch muri ako karere.

Iyo ngingo yafashwe kuri uyu wa kabiri, kandi bubaye ubwa mbere Isirayeli yirukana umunyamahanga yagiriza gushigikira ihungabanwa ry’igihugu, mu guharanira agateka k’abanyepalestina.

Omar Shakir, umunyamerika, yahawe iminsi 20 kuzoba yavuye mu gihugu.

Human Rights Watch yashikirije ko yaba Shakir canke iryo shirahamwe ubwaryo atabahamagariye kubiba imigumuko mu karere.