Prezida Trump Yagabanije Impunzi Zakirwa muri Amerika

Indongozi z'amadini hamwe n'abaharanira agateka ka muntu, ku nama nshingamateka basaba kudahagarika impunzi zakirwa. Isanamu yafashwe itariki 04/11/2019

Perezidanse ya Reta zunze ubumwe z’Amerika irashigikiye ingingo ya Perezida Donald Trump yo kugabanya gushika ku 18000, impunzi zizokwakirwa mu mwaka w’2020. Izo mpunzi zagabanijwe ku bice 78 kw’ijana ugereranije n'igitigiri ntarengwa casinzwe ku gihe ca reta ya Prezida Obama.

Uwahoze ari icegera ca perezida, ari mu barondera gutorwa mu 2020, Joe Biden, ku musi w’Imana yaraneguye iyo ngingo yo kuzibira imiryango ku mpunzi zihunga ubwicanyi.

Reta ya Trump ivuga ko hari imigwi y’impunzi izokwitabwaho kurusha abandi mu 2020 aribo abatotezwa bahorwa amadini yabo, abo muri Iraki bafashije abategetsi hamwe n’ibigo vy’Amerika, hamwe n’abo muri El Salvador, Guatemala, canke Honduras.

Kuva agishikira ubutegetsi, Trump yama agerageza kugabanya ibitigiri vy’impunzi zemererwa kwinjira muri Amerika.