Abasirikali Batanu b'Abarusiya Baguye mu Bitero muri Mozambike

Abarusiya bishwe batezwe umutego mu karere ka Muidumbe n’abagizi ba nabi.

Impfu z’abasilikari b’Uburusiya muri Mozambike zateje impari ku mutekano w’abasilikari b’ico gihugu muri Afrika.

Abasirikare batanu b’Abarusiya biciwe mu majaruguru ya Mozambike ku ndwi iheze. Hishwe kandi n’abasirikare b’abanyamozambike bagera 20. Bose bishwe batezwe umutego mu karere ka Muidumbe n’abagizi ba nabi. Ijwi ry’Amerika ryagerageje kuvugisha abategetsi ba Mozambike ariko baranka.

Uburusiya burahakana ko ata basirikare bufise muri Mozambike. Yamara abahinga mu kurwanya iterabwoba nka Jasmine Opperman wo muri Afrika y’epfo bavuga ko ico gitero cabaye ku ndwi iheze cerekanye neza ko mu bihugu vya Afrika cane cane Mozambike hakiri abasirikare b’Abacangero bakorera canke bava mu bihugu vya Buraya nk’Uburusiya.

Mu myaka ibiri iheze, ico gice c’amajaruguru ya Mozambique caragizweko ibitero vyinshi vy’abihevyi.

Abandi bahinga batandukanye hamwe n’ibinyamakuru bikorera muri Mozambike vyemereye Ijwi ry’Amerika ko ihinguriro abo basirikare bacungera ryitwa Wagner group ryegukira Perezida Vladimir Poutine w’Uburusiya.