ONU Iratabariza Ibihugu vyo mw'Ihembe ry'Afrika

Ikarata yerekana ibihugu vyo mw'ihembe ry'Afrika.

Ishirahamwe mpuzamakungu ONU, hamwe n’amashirahamwe yigenga barongereza ibikorwa vyo gufasha abasinzikajwe n’imyuzure y’imvura mu bice bimwe vyo mw’ihembe ry’Afrika.

Imyuzure yakurikiye imvura nyinshi imaze amezi igwa yarasinzikaje Somaliya, Kenya, Sudani y’ubumanuko na Etiyopiya.

ONU ishikiriza ko ibihumbi amajana vy’abantu bataye ingo zabo, ibitungwa biharurwa mu bihumbi bihasiga ubuzima hamwe n’ubundi butunzi bw’abanyagihugu.

Jens Laerke, avugira igisata ca ONU kijejwe imfashanyo, OCHA avuga ko ONU isaba imfashanyo amakungu yo gufasha abantu ntibahitanwe n’ingaruka z’iyo myuzure zirimwo inzara, ingwara hamwe n’ibindi.