Babiri Bakekwaho Ebola Bagaragaye mu Buseruko bwa Kongo

Vianey Kambale, utuye mu mujyi wa Beni, ari m bantu baherutse kurokoka Ebola mu kwezi kwa cyenda.

Abantu babiri bashobora kuba bafise umugera wa Ebola bahagaritswe igihe bari bagiye mu gice kibamwo abantu barenga umuliyoni mu buseruko bwa Republika ya demokrasi ya Kongo.

Abo bantu babiri bafise imyaka 24 na 25 ntibicandagishije. Bahagaritswe mu kibanza c’ugusuzumiramwo abantu c’ahitwa Mboya mu karere ka Beni mu ntara ya Kivu yo mu buraruko.

Abo bantu bavurwa ko bari bavuye mu gisagara ca Kabasha bagana mu ca Butembo. Nta bimenyetso vy’indwara ya Ebola abo bantu bose uko ari babiri berekana igihe bahagarikwa.

Ikiza ca Ebola kiramaze guhitana abantu 2180 kuva gitangajwe muri Kongo mu kwezi kw’umunani umwaka w’i 2018. Ubwa mbere ico kiza ciyadukije ku butaka bwa Kongo hari mu mwaka w’i 1976.

Ishirahamwe rijejwe amagara y’abantu kw’isi, OMS, ryatangaje ko ikiza ca Ebola kiriko cibonekeza muri Kongo ari ikibazo kijanye n’amagara y’abantu cihutirwa kw’isi.