Perezida w’Amerika, Donald Trump, yiteze ko inama icegera ciwe, Mike Pence, yagiranye uno musi na Perezida w’igihugu ca Turukiya, Recep Tayyip Erdogan ku murwa mukuru, Ankara yagenze neza.
Ni mu gihe Pence n’umushikiranganji ajejwe imigenderanire wa Amerika, Mike Pompeo bariko basaba Turukiya guhagarika ibitero kiriko gukora mu buraruko bushira ubuseruko bw’igihugu ca Siriya.
Muri ico gihe Perezida Trump abandanya kuvuga ko ata ruhara afise mu bitero Turukiya iriko ikora muri Siriya. Ivyo bitero bigenewe gutuza abarwanyi b’abakurde mu bice biri ku rubibe rwayo na Siriya.
Perezida Trump yatangaje ku musi wa gatatu, ko n’iyo Turukiya itahagarika ibitero iriko ikora muri Siriya, ibihano Amerika iriko ifatira Turukiya bizogira ingaruka atako zivugwa ku butunzi bw’ico gihugu.
Perezida Trump aza yadugije amatagisi ku vyuma bituruka muri Turukiya. Yarahagaritse kandi ibiganiro ku masezerano y’ubudandaji na Turkiya y’agaciro k’imiliyaridi 100 y’amadolari.
Bitegekanijwe ko perezida wa Turukiya, Recep Tayyip Erdogan agira urugendo mu Burusiya kuganira na mugenzi we, Vladimir Putin, mu gisagara ca Sochi, inyuma y’uko abonanye n’abategetsi ba Amerika.
Prezida wa Amerika, Donald Trump, yavuze ko abakurde bakoranye na Amerika mu rugamba rwo kurwanya umurwi w’iterabwoba wa Reta ya Kiyisilamu bonyene ubwabo atari abamalayika. Yatangaje ko umurwi PKK w’abakurde urusha iterabwoba Reta ya Kiyislamu.